Firawuni n’abantu biwe, igihe cose bashikiwe n’ivyiza, baca bavuga bati: “Ibi tubironse kuko tubikwiye”. Baramutse naho bashikiwe n’amapfa, baca bidogera Musa bati: “Ibi bidushikiye kubera Musa n’abari kumwe na we baduhumiye”. Emwe! Ivyabashikiye vyose, vyabashikira nk’uko vyagezwe n’Imana Allah, bitewe n'ibicumuro n’igarariza vyabo, ariko abenshi mu bantu ba Firawuni nta vyo bazi.