Firawuni n’ishavu n’akantu yaciye avuga ababwira ati: “Mbega mwemeye iyo Mana imbere yuko ndabarekurira kuyemera! Mu vy’ukuri, ukwo kwemera kwanyu, ni umugambi mubi mwateguye mufatanije na Musa, kugira mwomore ababa muri iki gisagara, muheze mucigarurire. Kubera ivyo rero, mugiye kwibonerako ingaruka y’ivyo mwakoze;