Ni naho Imana Allah Yahishurira Musa (nyakugira amahoro y’Imana Allah) Imubwiriza Iti: “Terera inkoni yawe hasi”. Musa, amaze guterera nya nkoni hasi, ya nkoni yaciye imiragura ivyo batereye hasi vyose, ivyari vyakanze abantu babona ko ari ivy’ukuri kandi ari ikinyoma ceruye.