Niwanababaza kandi uti: “Ni nde Yatumye imvura igwa ivuye mu bicu izananye mu kirere, maze Akanagisha ibiterwa n'ivyimeza kw'isi hakoreshejwe amazi y'imvura, inyuma y'igaduka no gucika ubukumbagare kw'isi?". Bazokwishura ata guhigimanga bati: “Ni Imana Allah Yabigize”. Ntumwa y’Imana! Vuga rero uti: “Ishimagizwa ni iry’Imana Allah, Igaragaza ivyemezo bituma ababangikanyamana ubwanwa bupfuka umunwa”; ahubwo rero, abenshi muri bo ntibatahura inkurikizi z’ibangikanyamana, ngo baheze basenge Imana Imwe Rudende Allah batayibangikanya.