Ntumwa y’Imana! Bwira ababangikanyamana uti: “Imana Allah Irakwiye kuba Icabona hagati yanje na mwe ko ndi Intumwa vy’ukuri, n’uko muhakana ku kugarariza gusa; Irazi ibiri mu majuru no mw’isi, nta na kimwe muri vyo kiyinyegeje”. Abemeye rero ikinyoma bakagarariza Imana Allah, abo ni bo rero bahomvye mu buzima bwo kw’isi no mu bw’inyuma yo gupfa.