Bemeramana! Nimwiyubare igeragezwa ry’ikiza ridashikira gusa ibigaba muri mwebwe , ahubwo riranashikira n’aberanda bari bashoboye gusemerera bakamirira kure ibikorwa n’ivyo bigaba, ariko bakigira ba sindabibazwa, bakirengagiza. Nimumenye kandi ko Imana Allah Ihana Igahasha abaca kubiri n’amabwirizwa yayo.