Bemeramana! Eka ntimukabe nk’ababangikanyamana n’indyarya mu guca kubiri n’amabwirizwa y’Imana Allah n’Intumwa yayo Muhamadi (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah), igihe basomerwa Qor’ani bavuze bati: “Twumvise”, kandi batigeze bategera namba ivyo bumvise ngo babizirikane.