Abo Bavugishwamana, ni bo Imana Allah Yashoboje kuba abagororotsi. Ntumwa y’Imana! Urakurikira rero, ubugororotsi bwabo. Bwira ababangikanyamana uti: “Sindabasaba impembo mu vy’isi kw'ishikirizabutumwa ryanje, impembo yanje ndayiziga ku Mana Allah. Ubutumwa bw’ubwislamu si ikindi rero, kiretse ko ari ukurarikira n'ukwibutsa abantu bose kuba abagororotsi”.