Abo Bavugishwamana rero, ni bo Twahaye Igitabu1 Tunabaha kugitahura no gushikiriza ubutumwa bwacu. Ntumwa y'Imana! Abagarariji mu bantu warungitsweko, nibaramuka bahakanye bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, ni ukuri baramenya ko Twamaze gushoboza kuzemera abandi bantu2 batazokwigera bazigarariza.