Twaranahaye Ibrahimu umwana yitwa Is-haka n’umwuzukuru avyarwa na Is-haka yitwa Yakubu, umwe wese muri bo rero Twaramushoboje gukurikira inzira igororotse. Na Nuhu (nyakugira amahoro y’Imana Allah) aho hambere yabo Twaramushoboje gukurikira ukuri, Twongera Dushoboza gukurikira ukuri urwaruka rukomoka kuri Nuhu, ari rwo Dawudi, Sulayimani, Ayubu, Yusufu, Musa na Haruna (ba nyakugira amahoro y’Imana Allah). Kurya rero Twahemvye abo Bavugishwamana ku bugwaneza bwabo, ni kwo nyene Duhemba abagwaneza.