Ni na Yo Nyeninkomezi Iganza ibiremwa vyayo vyose. Iranabarungikira abamalayika babungabunga ibikorwa vyanyu mu kuvyandika, maze hagera aho umwe muri mwebwe ashikirwa n’urupfu, intumwa zacu mu bamalayika bajejwe urupfu1 zigaca zimwaka ubuzima agapfa, kandi ntizihenda na gato ku wo zirungitsweko;