Ishimagizwa ni iry’Imana Allah1, Yo Yaremye amajuru n’isi n’ibiri muri vyo; Irema n’umuco utuma haba ikurakuranwa ry’ijoro n’umurango. Hamwe n’ivyo biranga ubushobozi n’ububasha bw’Imana Allah, abagararije banganisha Imana Allah n’ibiremwa bakayibangikanya na vyo.