Se wabo Yakubu araheza ababwira ati: “Sindota ndamubarungikana tudahanye amasezerano, mukandahira kw’izina ry’Imana Allah ko muzomungarukanira amarembe, hamwe mutoshikirwa n’ivyago bitabavuyeko”. Bamaze rero kumurahirira kw’izina ry’Imana Allah ko bazomucungera, Yakubu yaciye avuga ati: “Imana Allah rero ni Yo Muhagarikizi wacu ku vyo dusezeranye”.