Yaciye ategeka ko babakira, bakabazimana. Amaze kubatekerera imfungurwa bipfuza, bakaba bari bamwiganiye ko bafise mwenewabo kuri se1 batashoboye kuzanana, yaciye ababwira ati: “Nimwaramuka mugarutse rero, murazanana na mwenewanyu kuri so, ntimwabonye ko nabatekereye nkabagerera neza, n’uko nabakiriye nkanabazimana neza?