Umwami wa Misiri amaze kuronka inkuru y’imvaho, yaciye avuga ati: “Nimunzanire Yusufu ndamwiyegereze, abe mu bahanuzi banje”. Yusufu amaze kuza, umwami akamwiganira ko yarenganuwe kuko ari umwizigirwa, arangwa n’ingeso nziza, yaciye amubwira ati: “Wewe rero guhera uno musi, uri umunyacubahiro ku kirimba, uri n’umwizigirwa muri vyose”.