Ntumwa y’Imana! Ntiwihutire rero kunesha abaguhakana, burya Intumwa z’aho hambere yawe, na zo zaragararijwe gushika n’aho zihebura ko ata wuzozemera; abo zarungitsweko na bo, bibaza ko zabahenze mu kugabishwa ku bihano vy’Imana Allah, ni ho rero Twaheza Tugatabara Intumwa zacu n’abazikurikiye, Tukarokora mu bihano uwo Dushatse. Burya ibihano vyacu Twebwe Allah, ntibisubizwa inyuma hageze guhana abantu b’abanyavyaha, barenga ku mabwirizwa yacu.