Ni ho yahava yakirana iteka abavyeyi biwe mu kubicarika hambavu yiwe ku ntebe y’inganji, baraheza baramuramutsa indamutso y’icubahiro, benawabo bose baramwubamira1 uko ari icumi n’umwe. Ni ho rero Yusufu yaca abwira se ati: “Da! Iyi rero, ni yo nsiguro y’indoto nigeze kurota nkiri muto, nkayikwiganira, Imana yanje Rurema Allah Yayishize mu ngiro, ni ukuri Yaranangiriye ubuntu igihe Yankura mw’ibohero, Ikanabanzanira ng’aha Ibakuye mu misozi, inyuma y’aho shetani interanije na benewacu. Mu vy’ukuri Imana yanje Rurema Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa ku vyo Ishatse, ni na Yo Nyenubumenyikurivyose, Intungane mu vyo Ikora”.