Twebwe Allah, ntitwigeze Twigisha Intumwa Muhamadi kwivuga amazina, eka ntivyari binayikwiye namba ko iba umwivuzi w’amazina. Iki Gitabu yabazaniye, si ikindi kiretse ko ari urwibutso n’inyigisho ku wushaka kwikebuka; kikaba na Qor’ani itomoye neza, mu nsiguro, mu ngingo z’ibirekuwe n’ibizira, ikaba inatomoye neza kandi no mu burongozi bwayo;