Umuhero w’isi rero uzobashikira, mu nyuma muzuke kugira Imana Allah Ihembe abayemeye bagakurikira Intumwa yayo, bakanakora n'ivyiza bitegetswe. Abo, ni bo rero bazogumirizwa akabanga ku vyaha vyabo, baheze bababarirwe mu buzima bw’inyuma yo gupfa, bazonaronka n’impano zubashwe kandi zamaho mu Bwami bw’ijuru.