Igihe rero Twebwe Allah Twiciye Sulayimani, nta camenyesheje Amajini ko yapfuye, kiretse umuswa wariye inkoni yari yishimikije aca arahenuka. Sulayimani amaze kugwa hasi, ni ho rero ya Majini yatahura ko iyo aba azi ibinyegejwe ibiremwa, atari kuguma mu bihano vyo gukoreshwa na Sulayimani ku kwibwira ko akiri muzima kandi yapfuye kera1.