Ni ukuri, ubuzima bwo kw’isi kenshi na kenshi, ni ubufyinyi n’ubusamazi biterwa n’ibihendamaso. Nimwemera Imana Allah n’Intumwa yayo, mukanagamburukira Imana Allah mu kwubahiriza amabwirizwa yayo, Izobahembera ivyo mwakoze, eka mbere ntinabasaba gutanga amatungo yanyu yose mu gihe co gutanga ishikanwa-bwirizwa, ahubwo Ibasaba kuyatangako umuce muri yo;