Baraheza rero ku kwizera ikinyoma, bararendegera mu bugarariji bitewe n’uko babwiye abayahudi banse kwemera ivyamanuwe n’Imana Allah bati: “Tuzobumvira muri bimwebimwe bica kubiri n’ingingo z’Imana Allah hamwe n’Intumwa yayo”; burya rero Imana Allah, Irazi neza ivyo bahishije mu mushaha1.