Luqmaani yabandanije ahanura umuhungu wiwe ati: “Mwananje! Ikibi canke iciza ukoze, n’aho coba kingana n’urutete rw’ururo, kikaba kiri mw’ibuye riri mu musozi canke aho ari ho hose mu majuru canke mw’isi, menya ko Imana Allah Izokizana ku musi w’izuka maze Ikiguharurire. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Rumenyi-Rudahishwa, Irazi neza ibikorwa vy’ibiremwa, ni Muhetuziwavyose;