Akarorero k’ibikorwa vy’abagararije Imana yabo Rurema Allah, ni nk’umunyota utumurwa n’umuyaga ku musi w’igihuhusi cinshi, maze nya munyota ugatumuka wose; burya nta na kimwe rero bazosigarana cobungura ku Mana Allah1. Ibikorwa bidashingiye ku kwemera rero, ni wo muzimagiza uri kure cane y’ukuri.