Kizogerageza kumira nya mashira n’amaraso akatari gake, bihakwa kutarengana mu muhogo kubera akanuko n’umwokero wavyo; kizohabwa n’ibihano vy’ubwoko bwose ku bihimba vy’umubiri, kugeza n’aho cipfuza gupfa ngo kiruhuke kitari bupfe; n’inyuma y’ivyo bihano vyose, kizohabwa ibindi bihano biremereye.