Ntumwa zanje! Inyuma y’ihonywa ryabo, ni ukuri Tuzobacumbikira mu kubakomorera - mwebwe hamwe n’ababakurikiye - ubutaka bahorako. Iryo honywa ryabo n’ikomorerwa ry’abemeramana ubutaka bahorako, nta makenga arimwo, ku muntu atinya ihagarikwa imbere yanje Jewe Allah, akaniyubara ihaniza ryanje ku bihano vyo ku musi w’izuka”.