Nya Ntumwa zarishuye abantu bazo ziti: “Ni vyo ko twebwe ata co turi kiretse ko turi abantu nkamwe, ariko rero Imana Allah Iha ingabirano zayo uwo Ishatse mu baja bayo, Igaheza Ikamutora kuba Intumwa, nta n’ububasha dufise bwo kubazanira icemezo kigaragara cemeza ukuri ku vyo tuvuga, atari ku burenganzira bw’Imana Allah. Abemeramana rero, nibishimikize gusa Imana Allah, bayizere;