Igihe rero isezerano ryacu Twebwe Allah ryo guhana abantu ba Shu’ayibu ryagera, Twararokoye ku mpuhwe zacu Shu’ayibu n’abemeramana bari kumwe, abirenganije na bo bahitanwe n'igihano c'akaruru kaziba amatwi gaturutse hejuru, bazinduka bose mu mazu yabo bahonye, ari ibiziga vyibereye aho;