Bamwishuye bati: “Ewe Shu’ayibu! Ntidutahura vyinshi mu vyo utubwira, kandi twebwe mu vy’ukuri, tubona ko wewe uri umuntu usanzwe cane muri twebwe; iyo rero hataba kwubaha umuryango wawe dufise ico dupfana, twokwicishije amabuye, kanatsinda wewe nta cubahiro canke agateka tuguha namba”.