Twaranarungikiye abantu bo muri Madiyana mwenewabo Shu’ayibu, araheza ababwira ati: “Bantu banje narungitsweko! Nimwiyegereze Imana Allah mu vyo mukora vyose munayisenge mutayibangikanya, nta yindi mana mufise ikwiye gusengwa atari Yo, kandi ntimukagabanye ingero n’iminzani mu gupimira abantu, mu vy’ukuri mbona mworohewe mu buzima, kandi ndatinya ko mwoshikirwa n’ibihano vy’umusi ubakikuje;