Ni ho rero abantu baza banyaragasa kwa Luutwi, bakaba bahora bari mu bipfuza abagabo ha kwipfuza abagore, Luutwi aca arabiyama ababwira ati: “Ng’aba abakobwa banje1 ndababashingize, ni bo mukwiranye; nimutinye ibihano vy’Imana Allah, reka ntimuntetereze mu gushira isoni ku bashitsi banje, ubwo muri mwebwe ntihagiramwo umuntu n’umwe w’inararibonye yobabuza gukora iryo bara?”.