Ahubwo rero ababangikanyamana mu bantu ba Nuhu, bavuga ko Nuhu yarementanije ivyo ababwira. Nuhu! Bishure ubabwire uti: “Ninaba nararementanirije Imana Allah ivyo ndababwira, ivyaha vy’iryo rementanya biri ku gatwe kanje, kandi jewe nditandukanije n’ivyaha mukora”.