Jewe sindigera ndababwira na rimwe ko ngaba ibigega vy’Imana Allah, sindanababwira ko nzi ibinyegejwe ibiremwa, canke ko ndi umumalayika; vyongeye sinorota mbwira abo musuzugura mu bemeramana, ko Imana Allah Itazobahembera ivyiza bakora; burya Imana Allah, ni Yo Izi gusumba ibiri mu mishaha yabo; ndamutse rero ndabikoze ukwo, muri ico gihe noba ndi mu barenganya”.