Nta n’umwe arenganya akimonogoza gusumba uwurementaniriza Imana Allah. Abarementaniriza Imana Allah rero, bazoshengezwa ku Mana yabo Rurema Allah ku musi w’izuka, kugira Ibahembere ivyo bakoze; abamalayika, Intumwa, n’ibindi biremwa bazoba ivyabona, maze bavuge bati: “Aba, barementanirije Imana yabo Rurema Allah bakiri kw’isi, Imana Allah Yaramaze kubashavurira. Emwee! Abirenganije barakavumwa n’Imana Allah”;