Ubumenyi bw’ibinyegejwe ibiremwa mu majuru no mw’isi, ni ubw’Imana Allah, impera n'imperuka vyose bizosubizwa kuri Yo ku musi w’izuka. Muvugishwamana! Kubera ivyo rero, shishikara kuyiyegereza mu vyo ukora vyose unayisenge utayibangikanya, wongere uyishimikize muri vyose, uyizere. Burya Imana yawe Rurema Allah, ntiyirengagiza na kimwe mu vyo mukora, kandi Izobibahembera.