Ico gihe rero, ukwemera kwabo nta co kwari kubamarira kandi bamaze kwugarizwa bakagirwa n’ibihano. Ni ukwo vyamye rero ku bahakanyi b’aho hambere, ko ukwemera kwabo bamaze kwagirwa n’ibihano ata co kwaba kubamariye. Aho rero, ni ho abagarariji batemera ko hariho Imana Imwe Rudende Allah, baheza bagahanwa, bakagoka bagahona.