Abamalayika bareruye ubuhangamo bwa Nyenimpuhwe “Arshi” bari kumwe n’abandi bamalayika babukikuje, baninahaza Imana yabo Rurema Allah mu kuyishimagiza mu buryo buberanye n’icubahiro cayo, bakayemera vy’ukuri, bagasabira imbabazi abemeramana, bavuga bati: “Mana yacu Rurema Allah! Impuhwe n’ubumenyi vyawe bikwiriye ikintu cose Waremye; kubera ivyo rero, Gumiriza akabanga maze Ubabarire abigaya ku vyaha vyabo bakanakurikira n’inzira yawe y’ubwislamu, Uheze Ubakingire n’ibihano vy’umuriro ururumba wa Jahannamu;