Ntumwa y’Imana! Vuga ubwire ababangikanyamana uti: “Mu vy’ukuri jewe, nabujijwe n’Imana Allah gusenga ibigirwamana musenga mu gishingo cayo, inyuma y’aho maze gushikirwa n’ivyemezo bivuye ku Mana yanje Rurema Allah, kandi nategetswe kwicisha bugufi no kwumvira Imana Allah, Umubungabunzi w’ibiremwa vyose;