Imana Allah, ni Yo Yabagiriye ijoro kuba umuzimagiza kugira muturure muri ryo muheze muruhuke; Ibagirira n’umurango, kuba habona kugira murondere icorirenza mu mpano zayo. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Nyeningabirano zihambaye ku bantu, ariko rero abenshi muri bo ntibayishimira ngo bayiyegereze mu vyo bakora banayisenge ari Imwe Rudende.