Abazokora ikibi uko kingana kwose rero, mu buzima bw’inyuma yo gupfa ntibazohabwa kiretse igihano kingana na nya kibi; nayo abazokora iciza gitegetswe uko kingana kwose, baba abahungu canke abakobwa, maze bakagikora ari abemeramana; abo, ni bo rero bazokwinjira mu Bwami bw’ijuru, aho bazoronswa ibibabeshaho ata kugererwa ngo baharurirwe;