Abaharira ku bijanye na Aayah za Qor’ani n’ivyemezo vyerekana ko Imana Allah ari Imwe Rudende, ata n’icemezo bahawe gishingiye ku bumenyi; abo rero, iharira ryabo rirashavuza cane Imana Allah, rigashavuza n’abemeramana. Ni nk’uko nyene rero Imana Allah - Idashoboza kurongoka abaharira ku bijanye na Aayah zayo ata n’ubumenyi bafise - Itera ikimangu ku mutima w’uwo wese agira amanyama mu kutemera Imana Imwe Rudende Allah, akimonogoza no mu kurenganya abandi.