Bantu banje! Ndemera cane ko uno musi mufise inganji y’ubwami bwo gucinyiza Bene Israyeri n’abandi banyagihugu bo muri Misiri; none aho bukera, ni nde azodukingira ibihano vy’Imana Allah, igihe vyadushikiye!”. Firawuni yabwiye abari ng’aho yishura ati: “Bantu muri ng’aha! Nta co nobahanura gukora, kiretse ico nanje nyene mbona ko kibereye; kandi sindabarongora, kiretse mu nzira nziza ibereye y’ubugororotsi”;