Abahakana bivuye inyuma Aayah za Qor’ani, Tuzobereka ivyemezo vyacu mu biba mu turere dutandukanye1, no mu biba mu kuntu bo nyene baremwe, gushika n’aho bamenya neza ata kwihenda ko Qor’ani ari ukuri kwahishuwe n’Imana Allah. Mbega ntivyari bikwiye kugira bemere Qor’ani n’uwayihishuriwe, kuba Imana yawe Rurema Allah ari Yo Ivyemeza2, Ikaba ari na Yo Ibona neza ibikorwa vyose vy’ibiremwa, Ikazobibihembera!