Ntumwa y’Imana! N’iyo Tugira Qor’ani Twakumanuriye, ikamanuka mu rurimi rutari urw’icarabu, ababangikanyamana bari kuvuga bati: “Ese iyo dutomorerwa Aayah zayo mu carabu, maze tukazitahura”; bari no kuvuga bitangaza bati: “Yemwegaye! Qor’ani iri mu rurimi rutari urw’icarabu, ihishuriwe Umwarabu!”. Ntumwa y’Imana! Babwire uti: “Iyi Qor’ani ku bemeramana, ni uburongozi bubakura mu muzimagiza, ni n’umuti w’indwara z’amakenga n’uburyarya ziri mu gikiriza; nayo abatemera Qor’ani, barazivye amatwi, ntibayumva ngo banyurwe, ibatera n’ubupfamaso bw’umushaha, ntibarongora namba”. Abo babangikanyamana rero, ni nk’uwuhamagarwa kandi ari kure cane, ntashobora kwumva uwumuhamagara ngo amwitabe!