Ni ho rero Imana Allah, Yatunganya iremwa ry’amajuru indwi mu misi ibiri, gutyo ikiringo c’imisi y’iremwa ry’amajuru indwi n’isi, kiba imisi itandatu1; Iraheza rero Ihishura mw’ijuru rimwerimwe amabwirizwa yubahirizwa muri ryo, Iranashariza ijuru ryegereye isi n’inyenyeri zakaka nk’amatara, kugira Irikingire kuvogerwa n’amashetani asuma urusaku. Iryo remwa ritangaje ry’ivyo vyose rero, ni indinganizo yateguwe na Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Nyenubumenyikurivyose”.