Ntumwa y’Imana! Ivyo Twaguhishuriye muri Qor’ani, ni kwo kuri kudahinyuzwa gushimangira Ibitabu vyahishuriwe Intumwa zo hambere yawe. Mu vy’ukuri Imana Allah, ni Muhetuziwavyose, Irazi neza ivyerekeye abaja bayo, Nyenukubona, Irabona neza ibikorwa vyabo, kandi Izobibahembera.