Imana Allah Ica Ibahanisha uburyarya mu mitima yabo bwiyongereye ku bwo bari basanganwe, ntibazopfa babwikuyemwo gushika bahuye na Yo ku musi w'iharurirwa, ivyo bikazoba bitewe no guca kubiri n’ivyo biyemeje ku Mana Allah, n’ukuntu baranzwe n’ububeshi hamwe n’uburyarya.