Mu ndyarya kandi, harimwo ababangamira Intumwa y’Imana mu majambo bakanavuga ko yumviriza ico ari co cose ibwiwe ikacemera ukwo. Muvugishwamana! Zibwire uti: “Muhamadi ni ugutwi kwumviriza iciza iyo kizanana hose ku neza yanyu; yemera Imana Allah, akemera n’ukuri gushikirijwe n’abemeramana, akaba n’impuhwe ku bemeramana bamukurikiye muri mwebwe”. Burya, ababangamira Intumwa y’Imana (nyakugira amahoro n’impuhwe z’Imana Allah) mu buryo ubwo ari bwo bwose, barategekanirijwe ibihano bibabaza cane.