Ntumwa y’Imana! Indyarya iyo zisabwa kuja kwegeranya iminyago hatarinze kuba indwano no gufata urugendo rutaruhisha, zari kugukurikira1. Ariko icatumye zisiba ku rugamba rwa “Tabuuki” rwo kurwanya Abaromani, ni uko urugamba rwabaye mu gihe c’ici. Zizoheza rero zitange ivyireguzo ku gusiba kuri nya rugamba, zirahire zirengwe kw’Izina ry’Imana Allah ko iyo zishobora kuza, zari kujana na mwe ku rugamba, gutyo zihonye zo nyene kuri ico kinyoma n’uburyarya, kandi Imana Allah Izi neza ko mu vy’ukuri zibesha mu vyireguzo vyazo.