Ngendanyi z’Intumwa! Nimutasidukana n’iyonka mukaja gutabara Intumwa, ni ukuri Imana Allah Yaramaze kuyitera intege no kuyitabara umusi abagarariji bayisohora mu gisagara ca Makka, iri kumwe n’uwugira kabiri1, igihe bahungira mw’isenga ry’ibuye riri i Makka ku musozi “Thauri”, bakahamara amajoro atatu, igihe Intumwa yabwira uwuri kumwe na yo imuhumuriza iti: “Ntiwicwe n’intuntu kuko Imana Allah Iri kumwe na twe, Iradukingira”. Ni ho rero Imana Allah Yatururuza Intumwa yayo, Iranayiteza intege ingabo z’abamalayika mutashobora kubona n’amaso, Iranasuzuguza ijambo ry’abagarariji, riratsindwa. Burya, ijambo ry’Imana Allah rirakwiye kwubahwa hakaganza ubwislamu. Burya Imana Allah, ni Nyenintsinzi-Mutaneshwa, Intungane mu vyo Ikora2.